CICR Ivyerekeye umuryango : abana b'abarundi bagaruka i muhi
Ishirahamwe CICR ririko rirafasha abana bane bo mw'ikambi y'impunzi y'i Lukole ngo batahuke mu Burundi mu miryango yabo. Iryo shirahamwe risanzwe rikorera cane muri iyo kambi kuva mu mwaka wa 1994. Rirarangura igikorwa co guhuza abatandukanijwe n'intambara bakajabuka imbibe z'ibihugu : abana batagira uwubitaho mu gihe bavyifuza, imiryango yabo ikaba yiteguriye kubakira, hanyuma n'umutekano wabo ukaba ukwiye kugira babeho neza.
Isinema yatunganijwe n'igisata kijejwe kumenyesha amakuru mw'ishirahamwe CICR, ibiro vy'akarere i Nairobi.
Length: 857
Rating: 0.00 (0 ratings)
Tags: CICR Umuryango wa Croix Rouge Burundi Guhuza imiryango Tanzaniya abana mu ntambara
|

Play |